276: Man' ubu ngira nsinzire

< Iz'umugoroba >
DOWNLOAD PDF

1
Man' ubu ngira nsinzire,
Unzigam' iri joro,
Mbundikiriz' amababa.
Ibibi ntibinzeko,
Ibibi ntibinzeko

2
Kandi Mwami ntararyama,
Mparir' ivyaha vyanje,
N' ivyo nagucumuyeko,
Ubinkureko Mana,
Ubinkureko Mana

3
Kand' uryamik' amahoro
Bene wacu n' incuti,
Bato n' abakuze bose
Babe mu nyonga zawe,
Babe mu nyonga zawe

4
Kand' uraban urukundo
Abababaye bose,
Unezerez' abakene
Abarway' ubakize
Abarway ubakize

5
Mwami ndangij’ivyo nsenga,
Nsinzire nkwiseguye,
Maze mmenye ko nzigamwa
N' urukundo rwa Data.
N' urukundo rwa Data