307: Haleluya, haj' umusi

< Ku w'Imana >
DOWNLOAD PDF

1
Haleluya, haj' umusi
Mwiza wo kuruhukako,
Uyu mus' urush' iyindi
Amahoro y' Imana,
Ko dufis' akaneza
Gaturuka ku Mana.

2
Uburuhukiro bgiza
Buronkwa kur' uyu musi;
Umuco w' Imana yera
Uraiumurikiye,
Ni w'utweza imitima
Kur' uyu musi wayo.

3
Mbe nokwambar' iki none
Ngo interne kuyihimbara?
Yesu ni w" amp' umwambaro,
Ni wo kugororoka.
Ankijij' uburembe,
None ngenda mberewe

4
Yaramviriy' amaraso
Ankurakw ibicumuro;
Natukura tukutuku,
None ndera derere.
Ukwo kwezwa naronse
Ni yo mvun' imbereye