1
Inzu yawe Mana,
N'iy' icubahiro;
Iraduhirnbara,
Tuyikunda cane.
2
Dukoraniramwo
Guseng' Uhoraho,
Akaza mûri yo,
Kudusanganira.
3
Dukunda n'ahantu
Ho kubatiriza,
Ni ho twemerera
Amasezerano.
4
Ingaburo Yera
Iraduhimbara,
Ni h'ufatanira
N'abakwizigira.
5
Batwigishiriza
Mur'iyi nzu nziza
Ivyanditswe Vyera
Bitwigish'ivyawe
6
Kandi batwigisha
Ibidukomeza
Mu ntambara nziza
Bikatunezera
7
Indirimbo zacu
Naho tuzikunda
Twifuza kumenya
Iz'abo mw'ijuru
8
Ngo turushirize
Kugukunda Mana
Hanyuma m'ijuru
Tuzoguhimbaza