270: Uwadupfiriye kera

< Kugaruka kwa Yesu >
DOWNLOAD PDF

1
Uwadupfiriye kera
Araz' ari mu bicu,
Umwam' aramanukana
N'abera biw' isinzi:
Tumushime, tumushime,
Umukiz' aragaruka.

2
Ariyerek' abo mw isi
Ari mu bgiza bginshi,
Kand' abamukengereye
Bakamubatnba kera
Baraboroga bamenye
Kw ari we Kristo w'ukuri.

3
Kand' inkovu za za mambo
Araza zikiriho,
Kand' abacunguwe bose
Barazinezererwa:
Mukiza ni twaziraba
Tuzicwa n'umunezero.

4
Nuko twese tugusenge,
Yes ushizwe hejuru,
Ubgami n'icubahiro
Ubishikire Mwami.
Urakaza! Haleluya!
Ni wewe Mwami wenyene.