282: Harih' abazimiye

< Kurondera abandi >
DOWNLOAD PDF

1
Harih' abazimiye
Batay' Uhoraho,
Umenga ni nk' intama
Zahabiye kure
Ziri hafi y' imariga.
Zikicwa n' imbeho,
Zigahigwa n' imfyisi;
Abo ni ko bari.

Ref:
Muze tubarondere,
Barajigirijwe,
Tuzogir' akaneza
Tuzany' uwahavye.

2
Hemeye nde kugenda
Kuronder' intama,
Akarind' amagorwa,
Atocobogora?
Aronderan' umwete
Nk' uronder' itunga,
Za ntama zazimiye
Zikundwa na Yesu.

3
Nah’umerewe neza,
Mbega wumv' ufise
Ishaka nkujana 
Kuronder' abantu?
Nah' ar' aboroheje,
Bagawa n' abandi,
N' abantu b' igiciro
Mu nyonga za Yesu.

4
Kand' irembo ry'urugo
Ryama ryuguruye,
Yesu ni h' ahagaze
Abahamagara;
Yabuz' abobacura,
Ni wew' abarira,
Ati Gend' urondere
Abo napfiriye.

5
Vyob' ari vyiza Yesu,
Bgokwira tukaza,
Tukakubgira, tuti
Ryarinze rirenga
Turonder' abahavye,
Kandi bahimdanye:
Ngaba turabacuye,
Bashire mu rugo