1
Twumvis' inkuru nziza;
Ko Yesu akiza!
Bibgir' abantu bose
Ko Yesu akiza!
Bivuge mu gihugu,
No mu mihana yose,
Menyesha n' abahona
Ko Yesu akiza!
2
Mumenyesh’abarushe
Ko Yesu akiza!
Mumenyesh' abagowe
Ko Yesu akiza!
Yaviriy' amaraso
Yiwe ku musaraba
Kugira ngo ntibapfe:
Ni Yesu akiza!
3
Mumenyesh’abakuru
Ko Yesu akiza!
Mumenyesh’abigisha
Ko Yesu akiza!
Mubibgir’abo hafi.
N'ababa kure hose,
N'abo mu bisagara
Ko Yesu akiza!
4
Yemw’Abarundi mwese,
Ni Yesu akiza!
Mwihane mumwemere.
Ni Yesu akiza!
Abiga n'abakora,
Abavyeyi n'abana,
Yabapfiriye mwese;
Ni Yesu akiza