1
Abantu baraririye
Intama mw’ijoro,
Marayik' abiyereka
Akayangana pe.
2
Babony' ubgo bgiza bgiwe
Baterwa n'ubgoba;
Marayik' arababgira,
Ati Muhumure.
3
Umve none mbazaniye
Ubutumwa bgiza:
Havukiy' Umukiza ku
Murwa wa Dawidi.
4
Ehe mbah' ikimenyetso:
Mushika mubona
Baryamits' urwo ruyoya
Mu bgato bguhira.
5
Ahejeje kuvug'ivyo
Haca haboneka
Ingabo nyinshi z'Imana
Zihimbaza, ziti
6
Icubahiro ni kibe
Ku Mana mw’ijuru.
No mw’is' amahoro n'abe
Mu b'inezererwa.