Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
228: Bahungu, bakobga, ni muze mwese
< Kuvuka Kwa Yesu >
DOWNLOAD PDF
1
Bahungu, bakobga, ni muze mwese
Tuj' i Betelehemu mu ruhweza ;
Turab' ic' Umukama wo mw’ijuru
Yaduhaye twese mur' iri joro.
2
Dushim' Umwami hamwe n'abungere
Aryamye mu vyatsi nk' uworoheje,
Dusang' abavyeyi banezerewe,
Dushimir' Imana hamwe n'intumwa.
3
Kandi mupfukamir' Umwami mwiza,
Mumushime kukw’aduh' ubugingo,
Muvuze n' impundu hamwe n' intumwa,
Mubgir' abandi bos' ivyo mwabonye.
4
Twese tumushime, wa Mwami mwiza.
Ni tumuhimbaze, kukw’adukunda
Dufatanye twese, tuvuz' impundu,
Tubgir' abatamuzi yukw’akiza.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza