227: Ku murwa wo kwa Dawidi

< Kuvuka Kwa Yesu >
DOWNLOAD PDF

1
Ku murwa wo kwa Dawidi
umwami,
Kera harih' uruhongore,
Aho nyina yar' abikiriye
Umwana mu bgato bguhira:
Uwo Mwana ni we Kristo,
Kandi Mariya ni nyina wiwe.

2
Yaje mw is' asig' i we mw ijuru,
Yats' indaro mu ruhongore,
Kand' uburiri bgabay' ubgato,
Naho yar' Umwami wa bose:
Umukiza wacu yera
Yabanye n'aboro n'abagowe.

3
No mu bgana bgiwe yarubaha
Abavyey' akabakorera.
yabagandukiye muri vyose,
Yaraduhay' akarorero:
Natwe naho tur' abana,
Ni dukurikir' ingeso ziwe.

4
Yemeye kub' akagoyigoyi,
Naho yar' Ushobora vyose,
Ni we citegererezo cacu
Yabay' Umwan' akura nkatwe,
Arababarana natwe
Bitayeko tukanezeranwa.

5
Wa mwana w'igikundiro cinshi,
Ni we Rugaba yo mw ijuru;
Ah' azozira tuzomubona
Kuko yaducunguj' urupfu;
Kand' arongor' aban' i we
Ngo bashik' aho yatunganije.

6
Arikw aho tuzomubonera
Ntihazoba mu ruhongore;
Hazoba ku murwa wo mw ijuru
I buryo bg'Iman' ihoraho:
Tuzomuhimbaza cane
Twikubise has' imbere yiwe.