1
Uko ba banyabgenge
Baravye ya nyenyeri,
Bakayikurikira
N' umunezero mwinshi,
Natwe dukunde durtyo
Kurab' Umwami Yesu.
2
Baciye batebuka
Kuronder'uwo Mwana,
Baramupfukamira,
Ni we Mwami w' ijuru:
Natwe tumurondere,
Tumubon' Umukiza.
3
Baramushikanira,
Bamukurir' ubgatsi,
Baramurabukira,
Asumb' ab' isi bose:
Natwe tugire durtyo,
Duhe Yes' imitima.
4
Yes'Uwcra w' Imana,
Tuzigamtre rwose
Mu nzira yawe nziza,
Hanyum' uz' utujane
Mu bgami bgo mw ijuru,
Ahadacur' umwiza.
5
Abo mw ijuru bose
Nta matara bagomba,
Ni wewe muco waho
N' izuba ritarenga:
Yes' uz' utujaneyo,
Tuguhimbaze rwose.