Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
224: Wasiz' icubahiro c' i wawe
< Kuvuka Kwa Yesu >
DOWNLOAD PDF
1
Wasiz' icubahiro c' i wawe
Hamwe waza mw isi Yesu,
Maz' abo mw’isi bakwim' ah' uba
Mu kuvuka kwawe kwera.
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay' ah' uba Mwami:
Mgwino mu mutima wanje,
Ndaguhay' ah' uba Mwami.
2
Abamarayika baririmvye
Mwami Yesu, ko wimitswe,
Ariko Mwami Ruganza vyose,
Waricishije bugufi.
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay' ah' uba Mwami:
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay' ah' uba Mwami.
3
Ibiguruka bifis' ivyari,
N' imbgebge ziri n'imyobo,
Weho Mwana w' umuntu, wabuze
Ah' urambik' umusaya.
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay' ah' uba Mwami:
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay' ah' uba Mwami.
4
Wazanye mw'is'ijambo rizima
Ryo gukiz' abana bawe,
Maze baragukengera cane,
Bakubamba ku giti.
Ngwino mu mutina wanje,
Nizey' uwo musaraba:
Ngwino mu mutima wanje,
Nizey' uwo musaraba.
5
Abo mw’ijuru bazoririmba
Ah' uzozira kunesha:
Nzumv' ijwi ryawe rimbwira, riti
Ndaguhay' ah'uba nawe!
Nzonezerwa mu mutima
Ni waz' ukampamagara:
Nzonezerwa mu mutima
Ni waz'ukampamagara
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza