233: Yemwe bungere ba kera

< Kuvuka Kwa Yesu >
DOWNLOAD PDF

1
Yemwe bungere ba kera,
Mutubarire none
Ivyo mwabonye nya joro
Hamwe Yesu yavuka.

Ref:
Duh' Imana, duh’Imana,
Duh' Iman icubahiro,
N' Iy' isumba vyose:
Duh' Imana, duh Imana,
Duh' Iman' icubahiro,
Amahor' abe mw isi.

2
Twar’aho turaririye
Ubusho ku musozi,
Tubona giturumbuka
Marayik' avug' ati

3
Marayik' aratubgira,
At' I Betelehemu
Haravukiy' Umukiza,
Ni we Yesu Krisito.

4
Uwo mwanya haboneka
Ingabo zo mw ijuru,
Zizanan' umuco mwinshi,
Zishim’Imana, ziti

5
Tuve hasi tunyaruka,
Tuj' i Betelehemu,
Dusangayo rwa Ruhinja,
Turuhimbaza, tuti

6
Bungere, mwakoze cane
Ivyo mwatubariye,
Natwe tuze tumushime,
Tumuhimbaze, tuti

Ref:
Duh'Imana duh’Imana,
Duh' Iman' icubahiro,
N' ly' isumba vyose:
Duh' Imana duh' Imana,
Duh' Iman' icubahiro,
Amahor' abe mw isi.