1
Man' utwumvire, tube
Abawe tukiriho,
Uz' utujan' i wawe
Dusanzwe tur' abawe.
2
Tukirwanya Satana,
Mukiz' udukingire,
Ur' inzira n' ukuri,
Uhor' utuyobora.
3
Mukiza, hahiriwe
Abaguhungirako: Yesu
Mukunzi wacu,
Ni nde yokutunyaga?
4
Tur' ubusho bg' intama
Z' intege nke, ariko
K' ur' Umwungere wacu
Biraturemesheje.
5
Ni wew' uturagira,
Ukatumar' ubgoro,
Ukadukiz' ivyaha
Kand' ukazotwakira.