Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
135: Mbega ko Yesu yatanz' amaraso
< Kwishikana >
DOWNLOAD PDF
1
Mbega ko Yesu yatanz' amaraso
yiwe ku musaraba,
Ko yatanz' ubugingo bgiwe
agukure mu vyaha vyawe.
Ref:
None se mugenzi uzomuh' ik' uwo
Mucunguzi,
Yatanz' amaraso ng' ukizw' ivyaha,
None s'uzomuh' iki?
2
Har' aho wigeze kwibaz' ivyiza
vyose biri mw ijuru?
Womeny' ivyo Yesu yasize
mw ijuru mu kuz' aha mw isi?
3
Uraz' imibabaro Yesu yagiz' ari
ku musaraba?
Uko bamutey' icumu akav' amaraso
bo n'amazi?
4
Womeny' urukundo
rw'akaburarugero Yes' agukunda?
Uraz' urugero rw'imbabazi ziwe
n'ikigongwe ciwe?
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza