128: Nta co mfise nireguza

< Kwishikana >
DOWNLOAD PDF

1
Nta co mfise nireguza
Atar‘uko wampfiriye,
Kandi yuko wampamagaye:
Mucunguzi, nditavye.

2
Gukekeranya ni kwinshi,
Mbabazwa cane Mukiza,
N'intambara yo mu mutima;
Mucunguzi, nditavye

3
Sintinyuka no kugeza
Kwikurakw‘ ibinyanduje,
Nizigiy' amaraso yawe;
Mucunguzi, nditavye.

4
Naho nd' umworo nd'impumyi,
Ni wew‘ump' itunga ryawe
Ukampumur' ukampimbara;
Mucunguzi, nditavye.

5
Uranyakira nanduye,
Uranyoz' uramparira;
Kuko nizey' isezerano
Ryawe Yesu, nditavye.

6
Urukundo rwawe rwinshi
Runkuyekw ivyantebeje,
Ndakunze kub' uwawe rwose;
Mucunguzi, nditavye.

7
Urwo rukundo mmeny' ubu
Rwanyujuje n'Uhoraho,
Nshikir' ungab' unyiganzire;
Mukiza, ndishikanye.