136: Ubu bugingo bganje bgose

< Kwishikana >
DOWNLOAD PDF

1
Ubu bugingo bganje bgose,
Ehe ndabuguhaye Mukiza,
Kand' ukubaho kwanje kwose
Nze name nkunezereza Mwami,
Nze name nkunezereza.

2
Aya maboko yanje Mwami,
Yam' akor’ ivy' umbarira vyose,
Ibi birenge vyanje na vyo
Ngo bij'ah'ugomba gusa Mwami,
Ngo bij' ah'ugomba gusa.

3
.Kand' ijwi ryanje na ryo n' uko,
Ngo rib’iryo kugushimagiza,
Kand' aka kanwa kanje Yesu,
Ngo nkavugish' ubutumwa bgawe,
Ngo nkavugish' ubutumwa.

4
Kand' ivyo mfise vyose, Mwami,
Sinoshobora no kubikwima,
N' ubgenge bganje na bgo nyene
Uhor' ubukoresh' ivy' ugomba,
Ubukoresh' ivy' ugomba.

5
Hindur' uyu mutima wanje,
Ivy' ukunda bib' ari vyo nkunda,
Simbe ngisubira kuvyanka,
Mmenye kw ari wewe Mwami wanje,
Mmenye kw ari wewe Mwami.

6
Uko mfis’urukundo kwose
Kub' ari ko nzohora ngukunda,
N' unyemere mb' uwawe rwose,
Ehe nditanze, simbe nciganza,
Nditanze, simbe nciganza.