144: Yesu, ndagukunze rwose, ndakwihaye

< Kwishikana >
DOWNLOAD PDF

1
Yesu, ndagukunze rwose, ndakwihaye,
Ndahevy' ibihimbaro vy' ivyaha vyanje, 
Ni wewe Mukiza wanje mwiza, nkuyoboke:
Nta ho nari nigeze kugukunda nk' ubu.

2
Ndagukunze kuko wabanje kunkunda
Ukanyigura ku git' i Gologota,
Ngukundiy' amahwa wanyambariye mu mutwe:
Nta ho nari nigeze kugukunda nk' ubu.

3
Nzogukunda nkiriho, n'aho nzopfira:
Ngihumeka sinzobura kugushima,
N'iyo nzoba ndiko ndapfa, nzokubarira nti
Nta ho nari nigeze kugukunda nk'ubu.

4
Maze ni nashika mu rugo rwa Data
Rurimwo ya mazu waduteguriye,
Nzunam’ imbere y'inyonga zawe ndirimba, nti
Nta ho nari nigeze kugukunda nk' ubu.