1
Mpwemu Yer' udukunda,
Ni we watwigishije
Kwifuz' ingabir' imwe
Irut' izindi.
2
Ni yo rukund' uduha,
Urubuze n' ubusa,
Naho yogir' izindi
Ngabire nyinshi.
3
Urukundo rugira
Neza, rukihangana,
Nta n’ishari rugira,
Ntirwirarira.
4
Rwank' ibitey' isoni,
Ntirugomba n' ivyarwo,
Rwama rufash' abandi,
Nta ho ruraka.
5
Kand' ivyaha vy' abandi
Ntaho biruhimbara,
Kuko runezererwa
Ibitunganye.
6
Rwihanganira vyose,
Rwama rwizer' abandi,
Ntirwiyumvir' ikibi
Ku muntu n' umwe.
7
Kwizigir' ibizoba,
Kwizera, n' urukundo,
Ivy' ukw ari bitatu
Bizohoraho.
8
Mpwemu Yer' uturonse
Izo ngabire zose,
Arikw ikibiruta,
Duh’urukundo.