173: Imana ni yo Mwungere

< Ubugingo bushasha >
DOWNLOAD PDF

1
Imana ni yo Mwungere
Andagiz' urukundo.
Nizigiye yuko ntazokena,
Kuko nd' intama y'Imana.

2
Ni y' indyamika mu canya
C ubgatsi bgiza cane,
Injan' i ruhande y' imigezi
Itemba nez' idasuma.

3
Insubizamw' intege nsha.
Zindemesh' umutima,
Inyobora mu nzir' itunganye,
Kubg' izina ryayo ryera.

4
Naho noca no mu mwonga
w’ igitutu c' urupfu,
Sinogir' ikibi ntinya na mba,
Kuko tuba turi kumwe.

5
Undemeshesh' ikibando
Cawe Mukiza wanje.
Ni wew’uzompumuriza Mana,
Ni nashika no ku mpfiro.

6
Untunganiriz' ameza
Mu maso y' abanyanka,
Ukansig’ amavuta mu mutwe,
Uriyujurij' igikombe.

7
N' ukur' imbabazi zawe
Zizohorana nanje,
Na ntaryo nzoba mu ngoro yawe,
Bimpimbaye bihebuje.