1
Izina ry' Umwami Yesu
Ni ryo ryokuremesha
Mu magorwa yawe yose,
Rijan' ah'uja hose.
Ref:
N'izina ryiza pe,
Baryizigire mw isi,
N'izina ryiza cane,
Barishime mw ijuru
2
Ni hagir' umunt' ashimwa
W’ umunyacubahiro,
Naho yokirush' abandi,
Yesu we n' agaheta!
3
Izina ry'Umwami Yesu
Ni ryo nkinz' ikomeye,
lyo Satan' aguteye
Tabaza Yesu vuba.
4
Izina ry'Umwami Yesu
Rinter' umunezero,
Kukw ankikij' urukundo
Nzama ndamutazira.
5
Ni ryo ryampay' ububasha
Bgo kunesh' ivy' iyi si,
Ryangobotoye mu buja,
Ndons' umwidegemvyo pe
6
Amavi yos' apfukame
Kw izina ry' Umukiza,
N'indimi zize zemere
Ko Yes’ar’Uhoraho