182: Mur' iyo nzir' igoy' irtyo

< Ubugingo bushasha >
DOWNLOAD PDF

1
Mur' iyo nzir' igoy' irtyo
Mbega murora hebe?
Tuja muri ca gihugu
Iman' itunganije.
Mu misozi no mu myonga
Ni ho duca tuj' i bgami,
Ni ho duca tuj' i bgami,
Weho ntitwojana se? 

2
Mur' ico gihugu kindi
Mbega muzigay' iki?
Umwami wah' azoduha
Amazi y' agakiza,
N' igitsibo c' ubugingo,
Tubane n' Imana yacu, 
Tubane n' Imana yacu,
Weho ntitwojana se?

3
None se mupfa kugenda.
Nta n' ivyago mutinya
Oyaye, kuk' Uhoraho
Ari w'atuzigama;
Mpwem' azoduh' inkomezi,
Yesu na w'atuj' imbere,
Yesu na w'atuj' imbere:
Weho ntitwojana se?

4
None tuje mwodufasha
Ngo dushik' iyo muja?
Kaza kaza, banyakuza,
Vyotunezereza pe!
Ni muze ntitubasige,
Krist' Umwam' aratwiteze,
Krist' Umwam' aratwiteze,
Nuko muze tujane.