172: Ntangazwa n' ubuntu bg' Imana

< Ubugingo bushasha >
DOWNLOAD PDF

1
Ntangazwa n' ubuntu bg' Imana
Butwikir' ivyaha nakoze,
Bgasutswe mw is' i Gologota,
Ni bgo maraso y' Umukiza.

Ref:
Wa buntu we butangaje!
Buntu bgo kunyez' umutima!
Wa buntu we butangaje.
Butwikir' ivyaha nakoze.

2
Nariko ndadobera rwose
Mu ruzi rw' urupfu n' ivyaha,
Maz' ubuntu bg' Imana bginshi
Bundobesha wa musaraba.

3
Sinshobora guhish' ivyaha:
Nokura heh’ icobinyoza?
Raba rwa ruzi rw' amaraso,
Wisukemwo ng' ubone kwera.

4
Rab' ubgo buntu butangaje,
Burenz' ubgo twomenya bgose.
Yew' ugomba gukizwa rwose,
Ntiwokwakir' ubgo buntu se?