189: Nzokwama nkwizigira

< Ubugingo bushasha >
DOWNLOAD PDF

1
Nzokwama nkwizigira,
Nzi k'utazompemukira: 
Ni naramuka ngowe
Nzizigira Yesu gusa.


Ref:
Nzizigira nkiriho,
Kugez' ah' azoncisha
Mu kirimba c'ijuru
Nzizigira Yesu gusa.

2
Mmurikirwa n'umuco
Wa Mpwemu w'Imana Yera;
Iy' anjana sintemba:
Nizigiye Yesu gusa.

3
lyo mmerewe neza
Mu bugingo, ndaririmba,
lyo ngowe, ndasenga
Nizigiye Yesu gusa.

4
Uko bukeye nzama
Nizigir' Umwami wanje;
Mu bizombako vyose,
Nzizigira Yesu gusa.