196: Ukwizera kwacu kurahamye pe

< Ubugingo bushasha >
DOWNLOAD PDF

1
Ukwizera kwacu kurahamye pe;
Gushinzwe kw’ijambo ry' Imana yacu;
Nta co dutinya, dushikame gusa:
Twabony' ubuhungiro muri Yesu.

2
Ntutinye, na ntaryo ndi kumwe nawe,
Nd' Imana yawe, nzokwama ngufasha,
Nzoguh' inkomezi zo gushikama,
Nzogufat' ukuboko, nta c'utinya.

3
Ni nakubgira no guca mu mazi,
Inzuzi nta ho zizokurengera,
Ivyago vyose n'ibikubabaza
N’ivyo nirungikiye kukugeza.

4
Inzira ni yaca no mu muriro,
Uzobumbga n'ubuntu bganje bginshi.
Jmbeya nta ho zizokubabura:
Nzoba nkuvugutiye ng' uz' urame.

5
Umutima wisunz' Umwana wanje
Sinzowurekuran' Umwansi na mba.
Naho Gehinomu covyur' ingunza
Ntikizowunshikura mu kuboko.