197: Uwishinze ku vyasezeranijwe

< Ubugingo bushasha >
DOWNLOAD PDF

1
Uwishinze ku vyasezeranijwe
N'Umukiza wac' aronk' amahoro,
Kand' aririmbishwa n'umunezero,
Kuko yizey' ibihoraho.
Twizigiye Ivyasezeranijwe na Yesu wacu;
Nta ho, nta ho
Ashobora kuduhemukira. 

2
Ivyasezeranijwe n'Uhoraho
Biragumy' Umwansi ntabishobora,
Ntidukekeranya, ntadutinyisha
Kuko twizey' ibihoraho.

3
Ivyasezeranijwe n'Umukiza
Bimbgira kw amaraso yiw' anyoza
Ivyaha vyanje vyose, sinandure.
Kuko nizey' uwancunguye.

4
Ivyasezeranijwe n'Umukiza
Bitum' urukundo rwiwe rungumya,
Inkota ya Mpwemu ni yo ndwanisha,
Ihor' innesherez' Umubi.

5
Uwishinze ku vyasezeranijwe
Niw'ahora yumvira Mpwemu Yera
Satani ntashobora kumutsinda,
Kuko yizigiy' Uhoraho.