187: Yesu, Yesu, Yesu

< Ubugingo bushasha >
DOWNLOAD PDF

1
Yesu, Yesu, Yesu,
Mbeg' iryo zina
Jewe ko nd' umunyavyaha
Noritahura nte?

2
Ewe caha canje!
Ko namye ngaya
Iryo zina ryiza cane
Ry' Umukiza wanje.

3
Simbon' akabanga
Kari mw izina
Ry' uwo Mwami n' Umukiza,
Yesu, Yesu, Yesu.

4
Yesu, Yesu, Yesu,
Yarankijije,
None nshim' ubudasiba
Iryo zina ryiwe.