195: Yesu yatwis' amatara yiwe

< Ubugingo bushasha >
DOWNLOAD PDF

1
Yesu yatwis' amatara yiwe
Yo kumurikir' abari mu mwiza:
Tumurikish' umuco yaduhaye,
N'umutim' ukunz' ingeso nziza.

2
Yatwis' amatara, kand' agomba
Kurab' ingene tumurika mw isi,
Maz' itara ryacu iyo rizimye
Biramubabaza: tumurike.

3
Aragomba kw abandi babona
Kumurika kwacu, bakayoboka,
Tumurik' i wacu n'ahandi hose,
Tuze dushimishe Databuja.

4
Ni twagomba kumurika durtyo,
Twizer' Umukiza yadupfiriye,
Tumusabe ngw’aduhe Mpwemu
Yera Ngo turonk' imitim' imurika.