1
Mana tukuzaniye
Abana waduhaye
Bakiran'urukundo
Barag'ubwami bwawe
2
Natw'abazobarera,
N' uduh' ubgenge bgawe,
Tubatoze ya nzira
Yo kubajan' i wawe.
3
Umusaraba wawc
Tuba tubashushanijeko,
Ub' akarangabgami
Kw ar' abawe, Mukiza.
4
Kand' uwo Musaraba
Ntugume ku rukoba,
Wushire mu mitima,
Ntibiratan' ikindi .
5
Barwanan' ubutore
Musi y' iyo bendera
Barasana n' ivyaha
N' ivy' isi na Satani.
6
Bab' ab' izina ryera
Ryawe Data wa twese,
N' iry' Umwan" Umukiza,
N' irya Mpwem' Umufasha.