246: Gologota ku giti

< Umusaraba >
DOWNLOAD PDF

1
Gologota ku giti
Ni ho Yesu yabambge,
Yabambge kugira ngo
Turonke kutagipfa.

2
Yes' mnaze kunesha,
Avug' ijwi rirenga,
Abivug' avyeruye,
Ati Birarangiye.

3
Amaze kubivuga
Aherakw arunama,
Yunamishwa n'ivyaha
Vyari vyarancumuje.

4
Non' antey' imbabazi,
Nihane sinongere.
Simbe nkimubabaza,
Aruhurw' umutima.

5
Abarons' ivy' umuco
Maze bakabivamwo,
Bongera kumubamba,
Bamutey' akabonge.

6
Twari twararuhijwe,
Twiganyira, twihevye,
None turaruhutse,
Yesu n'ubukiriro.

7
Yemw' abarway' ivyaha,
Naho mwoba ku mpfiro,
Ni muz' arabakiza,
Yesu ni we Muganga.

8
Mukiza ndakwihaye,
Ni wewe wandondeye,
Uko nzoba ndi kose
Yesu, nzama ngushima.