Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
241: Mbeg' uriya yambaye
< Umusaraba >
DOWNLOAD PDF
1
Mbeg' uriya yambaye
Impuzu zitabutse,
Zihomets' amaraso,
Mbarira, n'uwa hehe?
Eh' ingen' ananiwe
N' igiti yikoreye,
Urya baboshe kurya
Ni nde, kand' azir' iki?
2
Uwo Munt' abay' artyo
Ni we Nyen' ubugingo,
Ni we Mwana w'Imana
Aziz' ivyaha vyawe.
Sigaho gucurumba,
Musang' i Gologota,
Upfukame wihane
Icamubambishije.
3
Ibisonga vy'amahwa
Ni vyo gitsibo ciwe,
Kand' intebe y'ubgami
Yabay' umusaraba;
Mbeg' Umwam' agizw' artyo
Yob' Umukiza wanje?
Ego, som' ikirego:
"Yesu w'i Nazareti".
4
Umve Yes' avug' ati
Mwana wanje nakunze,
Icankuye mw ijuru
N'ukuguh' ubugingo;
Ni wewe mboney' aya,
Ni wewe mbabarizwa,
Emera ndagukize,
Nkwuzuze n'Iman' ubu.
5
Mukiza ndakwihaye,
Mparir' ivyaha vyanje,
Uz'uhor'ummenyesha
Imibabaro yawe:
Ah' utung' urutoke
Ni yo nzira nzocamwo,
Nshits' ah' izoherera,
Yesu Mukunzi wanje.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza