1
Musi y'umusaraba
WUmukiza Yesu,
Ni ho nifuza rwose
Kwama mpagaraye;
N'ibuye ry' igitare
Rimber' igitutu,
Rinkiza n'indugumba
Mu rugendo rwanje.
2
Mu musaraba wiwe
Ni ho mw ihuriro
Ry' ukuri n'urukundo
Vy' Tman' ihoraho:
Nk' uko mûri za nzozi
Yakobo yarose,
Wabay' icuririzo
Gishika mw ijuru.
3
Hirya y'umusaraba
Mbona nyabarega,
N'umunwa w'i kuzimu
Wakamw' umuriro:
Ariko hino yaho
Har' umusaraba,
Uteze nk' amaboko
Ng' unkize singweyo.
4
Kur' uwo musaraba
Umenga nshobora
Kubona Yes' abambge,
Ari jew' azira:
Ncumitwa mu mutima,
Mbony' igitangaza,
Ko yemeye kunkunda
Naho nami'bamvye.
5
Musi y'umusaraba
Ni ho nzogercra,
Naho nohomb' ivyanje
Bizomber' inyungu.
Nta kizonter' isoni,
Shit' ivyaha vyanje,
Nzama nirata gusa
Uwo musaraba.