242: Nzama nsaba Mpwemu Yera

< Umusaraba >
DOWNLOAD PDF

1
Nzama nsaba Mpwemu Yera
Ngw agendez' imbere yanje
Ivyo Yesu yangorewe,
Birarengereje cane;
Bingarura nkiri hafi,
Ngatinya kumuhemukira

Ref:
Mwami Yesu wanje,Nzokugendanira,
Mmeny' urukundo rw' Umukiza.

2
Ni mwumv' amagonva yiwe
Yaboneye ngaha mw isi
Ahorw' abagarariji,
Twar' abo kuzogesezwa:
Amaraso y'Umukiza 
Ni yo gusa yahadukuye.

3
Abansi b'Umwami Yesu
Bamusanz' i Getsemane,
Bamufashe, bamujana
Mw ikombe ry' abacamanza
Bamubohey' amaboko
I mugong' ari twebg' azira.

4
Bamushikanye mw ikombe,
Bamureg' ivy' atakoze,
Baramusananikira,
Ata ho yigez' ikibi:
Ivyo twagabitanije
Ni vy' Umukiza yishizeko.

5
Bamaze kumutsindisha
Baca baramucurira,
Batonagur' Umukiza,
Asigar' ar' ishishagu.
lyo mimyore ya Yesu
Ni yo gusa yadukijije.

6
Nta hantu yar' aciyumva,
Aremekw' umusaraba,
Bamujana kumubamba
Mu gahing' i Gologota,