1
Umunyamibabaro
N'izina rintangaza
Ry'Umwana w'Uhoraho:
Tumushime, n'Umukiza.
2
Yemeye guhemurwa
No gushinyagurirwa,
Apfir' abanyavyaha:
Tumushime, n'Umukiza.
3
Twatsinzwe n'urubanza,
We nta kibi yakoze,
Yatuberey'incungu:
Tumushime, n'Umukiza.
4
Bamubamvy' arangiza
Ivyo kuducungura,
Ati Birarangiye:
Tumushime, n'Umukiza.
5
Amaze kuva mu mva,
Yaraduze mw ijuru,
Avyagiranye na Se:
Tumushime, n'Umukiza.
6
Kandi ni yagaruka
Kutujana mw ijuru,
Tuzoririmba, tuti
Tumushime, n'Umukiza.