162: Ngwin' umbgir' ivya Yesu

< Urukundo >
DOWNLOAD PDF

1
Ngwin' umbgir' ivya Yesu,
Ingene yankunze,
Uko yavuye mw ijuru
Ngw agender’ abantu. 

Ref:
Mbarir' ivy' ico gihe,
Ivy' akanyamuneza,
Vug' ivya Yesu wacu
N' urukundo rwiwe.

2
Twogereranya n' iki
Ivyo yababajwe.
Yaremeye no kubambga,
Ngw adukiz' ivyaha.

3
Ubushobozi bgiwe
Ni bgo bgamuzuye,
Tureke gutiny' urupfu,
Natw' azotuzura.

4
Twibuk' ijambo ryiwe,
Ati Nzogaruka,
Mbajan' i wanj' i muhira,
Mbaruhurireyo.

5
Tubgir’ aband' ivyiwe,
N' urupfu yapfuye,
Bumv’ ivyo yabakoreye,
Bamukurikire.