156: Ni jewe Yesu natanze

< Urukundo >
DOWNLOAD PDF

1
Ni jewe Yesu natanze
Amaraso yanje,
Nayatanze ngo mukire,
Muve mu vyaha vyanyu.
Naratanz' ubugingo bganje,
Non’ uzomp' iki weho?
Naratanz' ubugingo bganje,
Non' uzomp' iki weho?

2
Narahevy' ivyiza vyanje
Vyose vyo mw ijuru,
Nasiz' umuco kwa Data
Nza mu mwiza w'iyi si,
Nahevye vyose ngo mbakize,
Non' uhevy' iki weho?
Nahevye vyose ngo mbakize,
Non' uhevy' iki weho?

3
Naragiz' umubabaro
Mwinshi mu kubambga,
Natanz' amaraso yanje
Ngo ndabakiz' ivyaha,
Narikorey' ivyaha vyawe,
Wikorey' iki weho?
Narikorey' ivyaha vyawe
Wikorey' iki weho?

4
Naragucunguye wewe
Ng' ukurwe mu vyaha.
Naje nkuzaniy' ikigongwe
N'urukundo rwose,
Naje nkuzaniy' ingabire,
Unzaniy’ iki weho?
Naje nkuzaniy' ingabire,
Unzaniy' iki weho?