1
Uburyo Yes' ankunda
Burantangaza rwose,
Ubuntu yangiriye
Ni bgo bubimmenyesha.
Ndons' amahor' ashitse,
N' umunezero mwinshi:
Nd' uwa Yesu, ndabizi,
Na we nyene n' uwanje.
2
Abadafise Yesu
Harih' ico batazi:
Ntibabon' urukundo
Uhorah' adukunda;
Ivyo yaremye vyose
Vyama birutwereka:
Nd'uwa Yesu, ndabizi,
Na we nyene n’ uwanje.
3
Ker' ivyanter' ubgoba
Noneho ntibinkoma,
Niseguy' ukuboko
K'Umukiz' ankikiye.
Nta handi mbon' impore.
Ni we Muvyey'ankunda:
Nd' uwa Yesu, ndabizi,
Na we nyene n' uwanje.
4
No kugeza ku rupfu
Nta codutandukanya.
Kubg' urukundo rwiwe
Nuzuyemw' amahoro.
Nah' isi yokurwaho,
N'izuba n'inyenyeri
Nd' uwa Yesu, ndabizi,
Na we nyene n’ uwanje