Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
158: Umvir' ijwi rya Yesu
< Urukundo >
DOWNLOAD PDF
1
Umvir' ijwi rya Yesu,
Ni we Mukiza wawe;
Umv' arakubaz' ati
Munyavyah' urankunda?
2
Nyina yokwibagira
Uruhinja yavyaye?
Nah' ivyo vyoshoboka, '
Jeho nama nkwibuka.
3
Ni je nakubohoye,
Nkuvur' ibikomere.
Ni je naguhabuye,
Nkwakir' uri mu mwiza.
4
Kand' urukundo rwanje
N'akaburarugero,
Rurut' urundi rwose,
Kuko rutarangira.
5
Igihe ni cashika
Nzokujana mw ijuru,
Tuzosangir' ubgami:
Mbega non' urankunda?
6
Yesu birambabaje
Ko ngukund' urukundo
Ruke ruri mu nyuma
Y'urwo rukundo rwawe.
7
Ariko ndagukunda,
Naho bidashimitse:
Umpe kurushiriza
Kugukunda, Mukiza.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza