Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
151: Yes' arush' abandi bose
< Urukundo >
DOWNLOAD PDF
1
Yes' arush' abandi bose
Kudukunda,
Arush' ukw abav' ind' imwe
Bakundana.
Nah' abo dukunda bose
Boduharuruka cane,
We nta ho yohemukira
Ab’ akunda.
2
N'iki gihesh' ubugingo
Budashira?
S'ukumenya Yesu wacu
Adukunda?
Hamwe twari tuzimiye,
Yaturondeye nk' intama,
Aratubon' atuzana
I muhira.
3
N'Umukunzi wacu mwiza,
Kand' akunda
Kuduh' imigisha myinshi
N'imbabazi
Imitima yac' ikunda
Kumwumvira muri vyose.
No kumwizigira cane
Tudatinya.
4
Kand' ivyaha vyacu vyose
Vyakuweho
Kubg' urukundo rwa Yesu;
Ni w'aduha
Gutsind' ihitwosha nabi
Akatuzigama rwose.
Akatujana mu nzira
Yiwe nziza.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza